Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umumenyesha makuru wo mugihugu c’uBufaransa ,azwi nka Antoine Leiris ,inyuma yo kw’icirwa umugore wiwe mugitero  cakozwe n’abiyahuzi kumurwa mukuru wa Paris muri France ,yandikiye ubutumwa abo bakoze igitero ,aho ubwo butumwa bwatumye abantu benshi cane biha iryosozi bararira kubera amajambo yarimwo akora kumutima.

Antoine Leiris yanditse aya majambo kurubuga rw’iwe ngurukana bumenyi aza no kuyasangira n’abandi bantu benshi bo mumpande zine zisi,Antoine Leiris yanditse ubutumwa bugufi ariko burimwo amajambo ahambaye .

Mumajambo ya  Antoine Leiris yandikiye abo bihevyi bamuhekuye bakamwicira umukenyezi wiwe bari bamaranye igihe yagize ati”

Ntarwanko rwanje muzigera muronka

Kuwagatanu kumugoroba mwatwaye ubuzima bw’umukunzi  wanje magara ,umukunzi w’ubuzima bwanje ,nyina w’umuhungu wanje ,ariko ntarwanko muzoronka.

Sinzi abo muribo kandi sinshaka no kubamenya ,ariko muri imishaha yapfuye,Imana muvuga ko mwica mw’izina ryayo mudahitamwo yaturemye mw’ishusho yayo.

Buri rusasu mumubiri w’umugore wanje ,rwari kuba igikomere mu mutima wayo,rero sinzobashimisha mukabatura urwanko,Biraboneka ko mushaka ko ndabishurana ishavu.

Mwashaka ko ntekerwa n’ubwoba?

Ndabe ribi abenegihugu bagenzanje?

Mpebe uburenganzira bwanje kunyungu z’umutekano?

Mwaratsinzwe,umukinyi n’iwawundi,urukino nirwarundi,Namubonye mugitondo inyuma y’imisi namajoro ndindiriye,yari mwiza nkuko yasa igihe yagenda mw’ijoro kuwagatu,mwiza nkigihe namukunda bitavurwa,haciye imyaka irenga 12,nivyo umubabaro uranyishe ,ako ndashobora kukabahebera,ariko sivy’umwanya munini,ndazi kwazoba arikumwe natwe  burimusi kandi tuzobonana mw’iparadizo y’imishaha yigenga,aho mutazoshobora gushika.

Turi babiri gusa jewe n’umuhungu wanje ariko turakomeye gusumba ibisirikare vyo kw’isi yose,eka mbere ntamwanya mfise wo kubatako,nkeneye kwitaho umuhungu wanje Melvil ,ubu aravyutse inyuma yakaruhuko ko kumusase,afiseamezi 17 gusa ,arafungura ivyo ndamuteguriye misi yose,hanyuma dukine nkuko bisanzwe ,buri musi w’ubuzima bwiwe,uyu muhungu muto wanje azobamaramaza n’umunezero wiwe hamwe n’ubwigenge bwiwe,kuko nawe ntarwanko abafitiye.

Antoine Leiris

12243011_934788529925056_3681349374378206096_n


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply