Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yimisi 10 umuririmvyi JASTIN Bierber ariko aravugwaho kwitwara nabi cane bivanye namafoto yasize hanze yambaye ubusa ,aho yari yagiye mukiruhuko mugace ka BORA BORA ,uwo muririmvyi yavuye mugacerere atangaza ico abivuzeko

JASTIN Bierber yemeje neza ko ivyo yakoze bitotuma ubuzima bwiwe buhinduka ngo yumve ko yiyase kubera izo foto zabonetse ahenye.
Abazwa nabanyamakuru ba USA TODAY kimwe mubinyamakuru bikomeye cane mugihugu ca reta zunze ubumwe bwa amerika ,umuririvyi JASTIN Bierber yamenyesheje yuko ivyo yakoze abifata nkibisanzwe kuko amafoto yayafotowe mugihe yari munzu yategerezwa kuruhukiramwo ,kuri JASTIN Bierber yavuze ko icari kumubabaza aruko bari kumufotorera nko mwibarabara ,ariko ngo mugihe uwamufashe ayo mashusho yayamufashe yibereye aho yariko araruhukira ngo kuriwe nibisanzwe cane.

Tubibutse ko Jastin bieber yafotowe naba paparazzi mugihe yari yagiye gufata akaruhuko aho yari yagiye mugace gasanzwe kitwa BORA BORA gaherereye muri Tahiti.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply