Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo kurungika intumwa 15 mu Burundi mu kwezi kwa Nzero guheze ariko bagasubira inyuma ataco bashitseko kiboneka ,Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi(ONU) bwana Ban Ki Moon agiye kwishikira mu Burundi mu ntumbero yo kuraba icokorwa kugira uburundi busubire kugira amahoro n’umutekano.

Amakuru yo kwizera ava mubiro vyo gutangaza amakuru vyo muriryo shirahamwe mpuzamakungu rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi ,amenyesha ko Ban Ki Moon ategekanya gushika kumurwa mukuru w’igihugu c’uBurundi (Bujumbura) muiruku kwezi turimwo kwa ruhuhuma aho azokora urugendo rw’imisi ibiri kumagenekerezo ya  22 na 23 Ruhuhuma.

Ban Ki Moon ,umunyamabanga mukuru wa ONU

Ban Ki Moon ,umunyamabanga mukuru wa ONU

Intumbero yuru rugendo  rwa   Ban Ki Moon ahanini nukuza kwirabira amaso kuyandi aho uburundi bugeze mu kugarukana amahoro n’umutekano hamwe no gusubira kugerageza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kugira yemere kuganira nabo basanzwe badahuje ivyiyumviro vya politike.

Tubibutse ko uru azoba ari urugendo rugira kabiri Ban Ki Moon akoreye mu Burundi mugihe c’imyaka itandatu kubera  yaheruka mugihugu c’uBurundi  mu mwaka wa 2010 mu kwezi kwa ruheshi .

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply