Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Naho ingingo zikomeye  zisa nizari zafashwe kugira abagizi banabi bateshwe umugambi wabo wo gutera ama grenades mugisagara ca Bujumbura , hakoreshejwe amapikipiki ,hamwe hamwe mu makomine agize igisagara ca Bujumbura iterwa ry’amagrenade ribandanya ryibonekeza na cane cane mu ma zone yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 22 ruhuhuma 2016,hatewe amagrenade 2 mu gisagara ca Bujumbura ,aho iyambere yatewe ahasanzwe hari isoko y’umugwizatunga Sioni ,iyi grenade ikaba yakomerekeje abantu benshi cane mubari bariko bararema isoko .

Igrenade ya kabiri yatewe mw’isoko yo mukamenge ndetse iyi yoyo ikaba yaciye ihitana umuntu umwe ubwo nyene mugihe abashika 4 bakomeretse.

Cb0JJQ6W8AEL7cS

Uwateye Grenade kw’ifoto

Inyuma yiyo grenade yatewe mw’isoko ya Kamenge ,uwayiteye yaciye acakirwa ubwo nyene.Amakuru ava mugipolisi yamenyesheje kuyuyatewe iyo grenade igatwara ubuzima bw’umunyagihugu, yari mu miyabaga yaheruka guhabwa ikirwongwe c’umukuru w’igihugu kugira basohoke mw’ibohero igenekerezo rya 1 nzero 2016.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply