Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho umukuru w’igihugu ca Gambia bwana  Yahya Jammeh amenyeshereje kumugaragaro kw’igihugu asanzwe arongoye kigira kumategeko ya Islam ,yategetse abagore bose hamwe n’abakobwa kudasubira kwerekana imishatsi yabo.

Mugihe hadaheze n’ukwezi gusa tamenyesheje ko igihugu ciwe kigiye gutangura kugira kumategeko akaze ya Islam ,umukuru w’igihugu ca Gambia bwana Yahya Jammeh  yatanguye gufata ingingo zikomeye aho yatangaje kwagiye gushiraho utegeko ribuza  abagore bose hamwe n’abigeme bo murico gihugu kwongera kwerenaka  imishatse yabo.

Yahya Jammeh  umukuru w'igihugu ca Gambia

Yahya Jammeh umukuru w’igihugu ca Gambia

Nkuko amakuru ava mugihugu ca Gambia abimenyesha bwana Yahya Jammeh yasize umukono kurwandiko rushira mungiro iryo tegeko ,ndetse rikaba risaba abagore bose hamwe n’abigeme bose bo mugihugu ca Gambia kuboha ndetse bakongera bagapfunga umushatsi wabo.

Inyi ngingo rero ishobora kworoha gushira mu ngiro kuko igihugu uyu mugabo asanzwe atwara gisanzwe kigizwe na 90% vyo mw’idini rya  islamu.

Yahya Jammeh yakunzwe kuvugwako kwari umwe mubakuru bibihugu batwaza umukazo n’amategeko akomeye kumugabane wa Africa.

Yahya Jammeh  kw'ifoto

Yahya Jammeh kw’ifoto


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply