Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho umukobwa w’umuhanuzi mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu bwana Willy Nyamitwe ,agenewe ngo aserukire abarundi baba mu gihugu ca Chine ,yavuye mugacerere agira icavuze kwigenwa ryiwe.

Abicishije kurukuta rw’iwe rw’ingurukana bumenyi rya Twitter ,Glynis Carrel Nyamitwe Nishemezwe yagize ico ashikirije aho yamenyesheje ko kugenwa kiwe ngo aserukire abarundi baba mu gihugu ca Chine ari iteka kuri we kandi kategerezwa kubikora afadikanije n’abandi barundi baba murico gihugu.

Aha yagize ati”J’ai pris le temps de méditer. J’accepte cette lourde responsabilité avec humilité en comptant sur l’appui de mes compatriotes #burundi-ais.”

Aha naho yagize ati”J’ai été honorée par @japhetlegentil qui m’a nommée “Représentante de la @BurundiDiaspora en #China” à titre provisoire et lui en remercie.”

Tubibutse ko uyu mukobwa wa willy Nyamitwe yagenwe ngo aserukire abarundi baba mu gihugu ca Chine  vyimfata kibanza ikiringo c’amezi 3 .

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply