Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe abanyagihugu bo mugihugu kibanyi ca Congo (RDC)bari basidukanye niyonka baja gushigikira umurwi wabo les Leopards murukino rwanyuma rwa CHAN 2016 rwariko rurabahuza n’umurwi w’ibisiga vya Mali mu gihugu c’uRwanda ,inyuma yo kwishima igikombe bari bahejeje gutwara kuncuro yabo ya kabiri ubu bari  bamwe bari mu maganya n’agahinda kubera ababo bapfunzwe mugihe abandi bari mukigandano cababo baburiye mw’isanganganya ry’imodoka.

Nkuko amakuru ava mu gihugu c’uRwanda abimenyesha ,bamwe mu bakunzi bumurwi wa RDC bapfungiwe ikigali kumurwa mukuru w’igihugu c’uRwanda ,aho bagirizwa ugutuka inzego z’umutekano zo ngaho mugisagara ca Kigali.

Abafashwe bambitswe amapingu

Abafashwe bambitswe amapingu

Saba gusa bafatiwe iKigali bari mumubabaro n’agahinda, hari n’iyindi miryango iri mugahinda inyuma yaho imodoka yo mubwoko bwa Toyota Coaster igiriye isanganya igakomeretsa abarorerezi bari bavuye gushigikira umurwi wabo ndetse ikongera ikica batanu mubari bari muriyo modoka mugihe bariko baratahuka basubira iMuhira mu gihugu iwabo.

Iyi niyo modoka yaguye ikomeretsa benshi ihitana ubuzima bwabantu 5

Iyi niyo modoka yaguye ikomeretsa benshi ihitana ubuzima bwabantu 5

Tubibutse ko umurwi nserukira gihugu wa Congo waraye utahukanye igikombe ca CHAN 2016 inyuma yo kwirahira umurwi wa Mali kubitsindo 3 ku busa.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply