Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe kitari gito  haguma hanugwanungwa ko umushingamateka yatowe mu Ntara ya Ngozi akaba n’uwusanzwe aserukira amizero y’abarundi hamwe n’umugabwe FNL kwashobora kugandagurwa kandi k’umutekano wiwe ushobora guhungabana umwanya n’umwanya n’umwanya  ,abasanzwe bacungera umutekano w’ubuzima bw’iwe  ubu ijisho ryacitse nkirya rugwe .

Ibi vvyibonekeje inyuma yaho umushingamateka Agathon Rwasa aviriye murugendo rw’akazi mugihugu ca Namibia aho wabona neza ko abasanzwe bamucungera ubuzima bari barikanuye cane bisa nibitandukanye n’uko vyahora.

Abasanzwe bacungera ubuzima bw’umushingamateka Rwasa Agathon aho bari bari kukibuga c’indege ca Bujumbura wabona ko barikanuye n’ibikoho vya rutura   ndetse bamwe mubasanzwe bamucungera bakaba bari banafise ibikoho vya roquettes bibiri bibiri.

umwe mubacungera ubuzima bwa Rwasa Agathon kukibiga c'indege ca Bujumbura

umwe mubacungera ubuzima bwa Rwasa Agathon kukibiga c’indege ca Bujumbura

Ikindi catangaje abantu benshi n’ingene umushingamateka Rwasa Agathon yavuye mundege ubona asa n’uwusa n’uriko arayanyaga aho yagiye yihuta cane asa n’uwiruka.

Rwasa Agathon yafotowe ariko ariruka

Rwasa Agathon yafotowe ariko ariruka

Akaba rero ataribwo bwambere hanuzwenuzwe igandagugwa ry’umushingamateka Rwasa Agathon asanzwe afatwa nk’umwe mubakeba baza imbere b’umugabwe uri kubutegetsi wa CNDD FDD.

Uyundi mubacunga Agathon Rwasa yari yambaye murubu buryo

Uyundi mubacunga Agathon Rwasa yari yambaye murubu buryo

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………

 

 


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, umutekano

Leave a Reply