Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yoho Faustin Twagiramungu  atangiye ubutumwa abicishije  mu mashusho kuri You Tube atangarije ko  abanyarwanda bahungiye mu bihugu bitandukanye bashobora gufata ibigwanisho kugira batahe mugihe ubutegetsi bw’uRwanda butobashiriraho uburyo bwiza bwo gutaha mu gihugu ,ubutegetsi bw’uRwanda bwotangaje ko bugiye kumushira imbere y’uButungane.

Mu mashusho ya (video)ntoya cane  Faustin Twagiramungu yahoze ari umukuru w’igihugu c’uRwanda inyuma y’ubwicanyi bwa 1994,yavuze ko impunzi z’abanyarwanda zishika ibihumbi 350 ziri mubihugu bitandukanye zitegerezwa gushirigwaho imigambi myiza kugira zitahe mugihugu ,cane bitabuko zigatahuka nkuko izindi zari zahungiye muri Uganda mu myaka ya 1990 zatashe.

Faustin Twagiramungu yabandanije amenyesha  ko gufata umuheto navyo bishobora kuja mucitabazwa kugira izo mpunzi z’abanyarwanda zirenga ibihumbi 350 zitahuke mugihugu cabo c’amavuko.

Inyuma yaya majambo ya Faustin Twagiramungu ,Faustin Nkusi Umuvugizi w’Ubushinjacyaha mu gihugu c’uRwanda yamenyesheje ko ivyo Faustin Twagiramungu yakoze ari icaha ku Rwanda kandi kwategerezwa kujanwa mubutungane.

Raba Video Musi ya Faustin Twagiramungu avuga ibijane nizo mpunzi.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply