Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo gutwara igikombe ca Africa CHAN ,abakinyi bumurwi nserukira gihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bariko bafatwa nk’abami haba mu butegetsi canke mu banyagihugu basanzwe.

Inyuma yo kwerekwa urukundo rudasanzwe n’abakunzu b’umupira w’amaguru murico gihugu mukuja kubakira arisinzi y’abantu kukibuiga c’indege ,abo bakinyi baciye bihutira kujanwa mu kirimba c’umukuru w’igihugu nawe aja kubakira kuruhande rwiwe.

Bajanye igikombe bakuye mu Rwanda mw’ihiganwa rya   CHAN2016  aba bakinyi b’umurwi nserukira gihugu  mu mupira w’amaguru muri Congo ,bakiriwe n’umukuru w’igihugu Joseph  Kabila kukirimba ciwe  kuruyu  wa kabiri ,aho naho yaboneyeho akaryo kukubaha ubushimwe kuruhande rwiwe nkumukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu yashimiye cane aba bakinyi yongerako anabambika imidari y’inzahabu yiyongeye kuyo bari bambitswe inyuma yo gutahukana ico gikombe aca agirako abagenera ubushimwe bw’imodokari zo mu bwoko bwa mubwoko bwa  Toyota Jeep  ifise agaciro kamadolari yamanyamerika  $ 60.000 kuri mukinyi umwumwe.

Izi akaba arizo Modoka zahawe Abakinyi ba Rdc

Izi akaba arizo Modoka zahawe Abakinyi ba Rdc

Tubibutse ko RDC yatsinze Mali kumusi w’Imana uheze 3-0 murukino rwanyuma,ibi bikaba vyaciye bituma uyu murwi wa Congo ariwo uba uwambere mu mateka y’umupira w’amaguru utahukanye iki gikombe incuro zibiri kuva catangurwa gukinirwa mu mwaka wa  2007.

12661814_987877467953527_4369360191694173753_n………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply