Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe gito cane afashwe azira ugushaka kwica mugenziwe akaza no guca aba arapfungiwe mw’ibohero ryo kumugwa mukuru w’intara ya Muyinga, Michel Nurweze batazira Rwembe yarengukijwe imbere y’ubutungane ahita ahabwa igihano gikwiranye n’igikorwa yakoze.

Kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 19 nzero 2016 niho ,urubanza rwa OPP2 Michel Nurweze batazira Rwembe rwasasa muri sentare nkuru y’intara ya Muyinga.

OPP2 Michel Nurweze batazira Rwembe kw'ifoto

OPP2 Michel Nurweze batazira Rwembe kw’ifoto

Inyuma y’umwihwezo w’uru rubanza sentare Nkuru y’intara ya Muyinga ,yafshe ingingo yo guhana OPP2 Michel Nurweze batazira Rwembe imuhanishije igihano c’imyaka cumi n’itanu ari mu munyororo hamwe n’amande y’amahera y’amarundi ashika imilioni zitanu(5000.000fbu)

Tubibutse ko OPP2 Michel Nurweze (Rwembe)yari yafashwe inyuma yo gushaka kugandagura mugenziwe wo mugwego gw’ipolisi aho yamurashe urusasu ahagana mu mutwe ariko Imana igakinga ntiyahasiga uBuzima.

OPP2 Michel Nurweze akaba ataribwo bwambere apfunzwe azira icaha co gushaka kwica canke kwica kuko no mumwaka wa 2013 mu kwezi kwa rusama ,Michel Nurweze yari yapfunzwe aho yagirizwa kwica umuntu amukase umutwe  mu Ntara ya Gitega .

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply