Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo gusanura ikibuga c’inkino co mu ntara yo hagati mu gihugu Gitega ,bagashiramwo ubwatsi bw’ikibuga kigezweho hamwe n’intebe zigezweho zo kwicaramwo mu bwugamo ,ubu hashikiriwe gusanura ikibuga c’inkino co mu ntara ya Muyinga iri muburaruko bw’igihugu.

Nkuko vyari vyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB),umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo, ko nibaheza gusanura ikibuga c’inkino c’intara ya Gitega ko hazoca hakurikira ikibuga c’inkino c’intara ya Muyinga,imvugo isa niyajanye n’ingiro kuko mu bwugamo bwo kukibuga gikuru c’intara ya Muyinga batanguye gushiramwo Intebe zo kwicaramwo.

1916115_10205815778455626_1997082982112125712_n

Intebe zatanguwe gushingwa mu bw’ugamo bw’ikibuga c’inkono co mu Ntara ya Muyinga

Ugushira intebe mu bwugamo bw’ikibuga c’inkono ca Muyinga bizokurikirwa no gushira ubwatsi bw’ikibuga kigezweho ivyo bita mu kinofunofu Terrain Synthetic.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply