Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yipfungwa ryiwe akaza kurekurwa inyuma yigihe kirenga indwi zibiri mu gasho kwo mwiperereza ,Cedric Bangi yihutiye kuja muri Studio kuja kuririmba indirimbo ihayagiza Petero Nkurunziza .

Cedric Bangi yari yapfunzwe azira amajambo yari yanditse kurukuta rwiwe rwa facebook ,ayo nayo akaba yafashwe nkayacafuza umukuru w’igihugu arivyo vyatumye aca ahagarikwa agapfungirwa mwiperereza igihe kitari gito.

Cedric Bangi akirekurwa yemeje amakuru yo kurekurwa kwiwe  ndetse anasaba ikirwongwe kubera amajambo yagenda arandika kurukuta rwiwe rwa Facebook.

Ibi rero bikaba vyaciye bituma umuririmvyi Cedric Bangi asimbira mugihugu c’uRwanda aho yagiye gukora indirimbo yise “YARAMBABARIYE”

Mumajambo yasize kurukuta rwiwe  kuruyu wa Gatandatu igenekerezo rya 5 ntwarante 2016 ,bwana Cedric Bangi yagize ati”“YARAMBABARIYE”-Kunyerera ukagwa ivyo bibaho ikibi nukugwa ugaherayo-guhandwa kururimi ntawe bitoshikira ikibi nukubigira akamenyero-Iki gihugu twishinga gutabagura ,abo bavyeyi duter’intimba IMANA izotuvuma….-JE NARASHAYE KURI FACE BOOK NTIMIRAGWE KUGIHUGU CANJE ,MFUNGWA MWIPEREREZA,NARATASHE NARIHANYE…refrain/YARAMBABARIYE petero nkurunziza.YARAMBABARIYE,prezida w’UBURUNDI,numunyakigongwe,NINKONA ITARUZWA…..NB/ayanamwe mumajambo agize igice cambere curuririimbo rwanje rushasha “YARAMBABARIYE”

Naho iyi ndirimbo itaraja hanze rwabantu batangure kuyumbiriza bitegekanijwe ko vuba iyi ndirimbo ya Cedric Bangy izoja kumugaragaro

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Muhira

Leave a Reply