Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo gukora ibiteramo   bitandukanye mu Burundi atumiwe n’ubuserukizi bw’igihugu ca Kenya mu Burundi,Nimbona Jean Pierre benshi batazira Kidum yatanguye kurabana ayingwe nabamwe mubasanzwe batavuga rumwe na reta bamwagiriza gufasha reta .

Mubutumwa Nimbona Jean Pierre yashikirije abicishije kurukuta rwiwe rwa Facebook yatunze urutoke ahanini ,Bob Rgurika bivanye namwe mu majambo uyu yahoze atwara RPA yashikirije kubera Kidum yari yakoreye igiteramo mu Burundi.

Amajambo Nimbona Jean Pierre Kidum yashikirije akaba araya akurikira

“Ndababajwe cane n’imvugo yabantu bamwe bamwe ! Mugira munzize gusa kubera ko nipfuza ko abarundi bosubiza hamwe Kandi nkashaka ko amahoro yo garuka vuba cane muri iki gihugu cacu . Narinzi ko abahora bavugira abarundi Mu kwibaza ko babitayeho none nasanze batanipfuza ko noza no kuvugiriza umuziki abanyagihugu ngo ni icaha gikomeye . Mbega kubera iki inkino za football zama zibera kuri stade prince louis Rwagasore zihuza u Burundi n’ibindi bihugu ko mutazirwanya ariko muciye murwanya uyu umuziki ! Waraye uhujije abarundi kumusi wagatandatu muvya tunganijwe Na ambassade ya kenya I Bujumbura ! Bob Rugurika kubera iki udashaka kwiyamiriza Uhuru Kenyatta ariko uciye wiyamiriza Jewe umurundi nyarucari !? Kubera iki utanyiyamirije kirya gihe natumiwe na RPA muri 2001 nje kuririmba amahoro nkuku nyene Kandi hari hakiri mwishamba imirwi yarwana harimwo niyi nyene CNDD FDD ya Pierre Nkurunziza ,FDD ya Jean Bosco Ndayikengurikiye, FNL ya Rwasa Agathon , FNL ya Bitaryumunyu, CNDD ya Nyangoma Frolina etc nyakwubaha Pierre Buyoya akiri umukuru w’igihugu ? Uribagiye ko abantu benshi ico gihe nabone bariko baricwa !? Canke wibazako hatari mubarundi kirya gihe aba mbonye ko ndi igihemu kuza kuririmba Mu Burundi hari umukuru w’igihugu Bose ico gihe bagiriza ingorane zose zari zihari ?indege yariko iragira publicite yanje I bujumbura ijuganya flyers kubera iki utigeze uvugira barya barundi bariko barapfa kirya gihe ? Canke nabarya kubwawe si abarundi !!!!? Si umwanya woguterana amajambo nawewe ariko Jewe ico nzi ni uko mufise umuhuza ( muheshimiwa Benjamin Mkapa ) muri aya matati ya politique mufitaniye Hagati yanyu nabo Kwa Nkurunziza Pierre reka kubabazwa n’ uko jewe nihuriza abarundi hamwe muntumbero yo kubanezereza no kubateramisha !!!! Nta Giti ca politique nakimwe ndimwo ntanico nkeneye , ntanivyo nshoboye . Aha ndakwishuye mfise akababaro kenshi . Ntanamashure nahejeje kubera izi ntambara nyene zamwebwe abarundi zabaye mbona muri 1993 . Uriko urwanya uwutari we jewe ndi umu musicien gusa yasavye indaro mugihugu ca Kenya Kandi nyarucari . Si ndi muri opposition Kandi sindi uwa leta . Nshaka gusa amahoro ko agaruka hose muri Kano Karere . Ntimunzize ubusa . Mbega mwari muzi ko mfise batoyi banje babiri bapfungiwe Mu mpimba kubera ko bagiye mumyiyerekano yabaye yerekeye ikiringo ca Nkurunziza benshi Mu Rwanya !? Inzira yonyene Ni amahoro kuri twese Mu Burundi”

Ibi rero bikaba vyanatumye umutekano wa Kidum uca utangura gucungegwa bimwe biboneka mgutinya ko ashobora kugirigwa nabi

14125483_1170963762970906_7820921668774786812_o

umutekano wa Kidum ukaba waciye utangura gucungegwa bimwe biboneka

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Politic, Umuziki

One Response so far.

  1. alexis says:

    Nimureke kidumu aturirimbire turabe KO twokwibagira ibihitiye mugihugu cacu. Abacu barishwe abandi barafunzwe Noé kidumu aje kuririmba kugira anyanishe abarundi nimumuteke ntaco mumuhora ubusa.

Leave a Reply