Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo kugarukira  ku munwa  w’urupfu,arashwe n’umurwi witwaje ibigwanisho ,mugihe yaratashe muhira iwiwe mu Quartier ya Kajaga,Willy Nyamitwe yavuye mugacerere  yemeza kwataco yabaye ariko amenyesha ko yababajwe cane n’umu polisi yarasanzwe amucungera ubuzima yasize ubuzima murico Gitero.

Mu majambo ya Willy Nyamtwe yashikirije abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter ,yashimiye abo bose bamufashe mu mugongo ariko amenyesha ko ababajwe cane n’umupolisi yamucungera ubuzima yaguye  murico gitero

Willy Nyamitwe yagize ati”Je remercie ceux qui me souhaitent prompt rétablissement. Je vais bien mais attristé par le décès d’un meilleur ami le policier

willy-nyamitwe

Igpfungu rero kikaba kikiri cinshi muriki gitero cahatswe kuhitana ,umuhanuzi mukuru mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu kuko atanumwe aramenya aboba bari inyuma yico gitero ndetse haba n’igipolisi c’uBurundi akaba atakintu nakimwe kiratangaza kubijanye nico gitero.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, umutekano

Leave a Reply