Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’imisi mike cane ,umukuru w’igihugu c’uRwanda ,Paul Kagame atunze urutoke abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu ciwe ndetse akanabamenyesha ko mugihe bazotera igihugu ciwe bashaka guhungabanya umutekano  batazomenya ikibakubise ,kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 ndamukiza 2016 mu masaha y’ijoro ,umurwi witwaje ibigwanisho wateye imwe muri pozisiyo y’abapolisi b’uRwanda iri mu gice ca Rubavu .

Aya makuru yiki gitero kuri station ya Police y’uRwanda yemejwe n’umuvugizi w’igipolisi c’uRwanda bwana ACP Twahirwa Celestin ariko yirinda kugira vyinshi atangaje.

Naho Umuvugizi w’igipolisi c’uRwanda bwana Twahirwa Celestin atagize vyinshi atangaje yemeje ko iki gitero cahitanye abantu nabo nyene atashimye gutangaza igitigiri cabo uko bangana.

Kurundi ruhande na Sinamenye Jeremie nawe asanzwe arongoye iki gice ca Rubavu gisanzwe kiri mu burengero bw’igihugu c’uRwanda ,yemeje nawe aya makuru ko igice asanzwe atwara catewe nabantu bitwaje ibigwanisho bari baharugwa hagati ya 20 na 30.

http://www.bishasha.com/2016/04/10/paul-kagame-asa-nuwahinduye-imvugo-kuvyerekeye-ikibazo-cuburundi-ariko-asaba-abashaka-guhungabanya-urwanda-ko-bonyarutsa-kugira-abavugutire-umuitiamajwi/

Naho inzego zishinzwe umutekano zirinze kugira ico zishikirije kuvyabaye kuriyo station ya Police ndetse zikirindi kuvuga igitigiri cabahasize uBuzima ,amakuru ava murico gice yemeza ko batatu mu bapolisi bari ngaho kurico kirindiro bahasize ubuzima mugihe abandi bakomeretse.

Iki kikaba kibaye igitero ca kabiri kibaye mu misi itarenga 30 gusa inyuma yaho kw’igenekerezo rya 23 ntwarante 2016 abagwanyi bavuzwe ko bari aba FDLR bateye murico gice nyene ndetse hakaza kurasigwa umugwanyi yari murabo yari yateye .

http://www.bishasha.com/2016/03/24/abagwanyi-ba-fdlr-bagavye-igitero-mu-rwanda-mu-gice-ca-rubavuumwe-ahasiga-ubuzima/

tubibutse ko ibi bitero biriko biraba  inyuma yigihe  kirenga  icimyaka ine ico gice ca Rubavu cari gitekanye kuko   aba bagwanyi ba FDLR bivugwa karibo bahungabanya igihugu c’uRwanda baheruka gutera murico gice mu mwaka wa 2012 ,aho zateye mu gice ca gice ca Bugeshi na Cyanzarwe.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Muhira, Mumakungu

Leave a Reply