Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’imyaka ishika kuri 23 incungu ya Demokarasi ,Ndadaye Melchior Agandaguwe n’azimwe muntwazangabo z’uBurundi ziterekwa  nagato ubutegetsi bwiwe ,bwari bubaye ubwambere bwari bwitorewe n’abanyagihugu kuva uBurundi bwabaho,bamwe mubagandaguye Ndadaye Melchior  barigana ingene vyagenze kugira agandagurwe ndetse bakemeza ko  yagandagurwa urupfu rubababaje kandi ruteye agahinda.

NDUWUMUKAMA Philibert batazira Kimwi umwe mubasirikare bari bafise ipeti rya Caporal murico gihe ,yemeza neza ko  yari mubasirikare bane bari bahawe igikorwa co kugandagura   ,umuhisi Ndadaye Melchior ,Caporal NDUWUMUKAMA Philibert ,yemeza ko mukugandagura ,Ndadaye Melchior,hakoreshejwe  akagozi munyuma bakaza kumucumitagra imbugita umubiri wose kugira ntahave anavyuka .

Ibi bivugwa na caporal NDUWUMUKAMA Philibert,bica bibonekera kw’isanamu y’umuhisi  Ndadaye Melchior yafasjwe agiheza kugandagurwa ,aho  ugerageje kuraba kumasanamu y’umuhisi Ndadaye Melchior agiheza kugandagurwa biraboneka neza ko yari yacumitaguwe imbugita hafi umubiri wose na cane cane kugice co kumutima.

Ndadaye Melchior akimara kugandagurwa

Ndadaye Melchior akimara kugandagurwa

Naho Caporal NDUWUMUKAMA Philibert ,batazira kiwi yemeza ko ari mubasirikare bane bagandaguye Umuhisi Melchior Ndadaye ,uyu musiriakare yarafise ipeti rya Caporal icogihe yemeza ko ivyo yakora vyose yabikora kubera yari yahawe amategeko avuye hejuru n’uwahoze atwara Etat Major ico gihe uwo nawe akaba ari umuhisi Colonel Bikomagu.

Caporal

Caporal Nduwumukama Philibert yemera kwari mubasirikare 4 bagandaguye umuhisi Melchior Ndadaye kw’igenekerezo rya 21 gitugutu 1993.

 

Umviriza mu majwi Caporal NDUWUMUKAMA Philibert aho yiyemerera kwari mubagandaguye incungu ya Demokarasi Mechior Ndadaye mu mwaka wa 1993 hakoreshejwe akagozi.

.

 


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply