Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Bosco Niganze batazira Bobo  hamwe na Vianney Nzigamasabo batazira Vichou Love bagize umurwi wa Peace and Love  bamaze gushira amasanamu y’ururirimbo rwabo hanze.

Inyuma y’igihe kinini umurwi Peace and Love badasohora amashusho y’indirimbo zabo ,uyu murwi ugizwe n’abasore babiri babahinga cane mukuririmba mu majwi yabo bwite basohoye amasanamu yabo inyuma yimyaka igera kuri 10 badasohoye amasanamu(Video).

Aya masanamu mashasha yuru  ruririmbo  rw’uyu murwi Peace and Love ashimikiye ahanini kubutumwa bw’amahoro no gusaba abarundi gufatana mu nda bagasenyera kumugozi umwe.

Bosco Niganze (Bobo) na Vianney Nzigamasabo(Vichou)basanzwe bagize umurwi Peace and Love ,bemeje ko aya masanamu yabo bayasohoye inyuma yigihe kingana n’imyaka cumi(10) batigeze basohora amasanamu (Video)y’indirimbo.

Raba hasi ururirimbo rwa Peace and Love mu mashusho.(Haranira amahoro by Peace and Love)

 Haranira amahoro barundi

Posted by Peace and love du Burundi on Sunday, January 24, 2016


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply