Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’ibihugu  bitari bike vya Africa uhereye k’uBurundi,Africa yepfo,Gambia hamwe na Uganda ,igihugu ca Russia gisanzwe gifatwa nk’icakabri kw’isi mubifata ingingo ikijana kw’isi ceretse umugongo Sentare mpuzamakungu CPI(cours penal international)

Urwandiko rwemeza ko igihugu ca Russia kivavanuye namasezerano yi Roma yatuma igihugu kija muri Sentare mpuzamakungu CPI (cours penal international) rwateweko umukono kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 16/munyonyo /2016 ,aho Vladimir Putin umukuru w’igihugu ca Russia  yemeza ko igihugu ciwe gihagaritse ayo masezerano  y’i Roma .

Vladimir Putin umukuru w'igihugu ca Russia

Vladimir Putin umukuru w’igihugu ca Russia

Guhagarika aya masezera yi Roma ,vyari bisa naho igihugu ca Russia kibwiyeCPI ( cours penal international)ko kitipfuza na gato kuba muruwo muryango wa CPI (cours penal international)

Kuruhande rw’igihugu ca Russia , bagirije iyi Sentare kuba itagendera kuvyo bari bumvikanye igihe yashingwa ndetse bongera bayagiriza guhengama ikongera igakoreshwa kugira irenganye banwe bamwe mubategetsi.

Maria Zakharova umuvugizi w’ubushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Russia ,yamenyesheje ko igihugu ciwe atampamvu nimwe iboneka yotuma kija muri CPI  (cours penal international) kuko ari sentare irenganya ikongera ikanasesagura ubutunzi.

Maria Zakharova  yagize ati”Kuva mu myaka  14 dusize inyuma,CPI  (cours penal international) imaze guca imanza 4 gusa iraziheza kandi ikoresha nuburyo bw’inshi kuko imaze gukoresha  amahera arenga  1 milliard yama dollars.sivyo gusa, kuko nivyo bihaye gukora ntibavyubahiriza na gato  kuko barangwa nakarenganyo hamwe nuguca imanza zidafashe, ziba zifise ico zigamije ,nta mpamvu nimwe rero yotuma igihugu cacu ca Russia kija muriyo Sentare.

Ibi rero bikaba bibaye inyuma yaho ibihugu bitari bike vya Africa bitanguye kuvira muriyo Sentare ndetse uBurundi bwobo bukaba bwaramaze gushikana urwandiko muri ONU gusaba ko rwova muriyo Sentare mpuzamakungu.

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye

.

 


Leave a Reply