Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yamasaha 48 gusa  Celine Dion abuze umugabo wiwe ,uwo bavukana nawe yitavye Imana

Kumyaka 59 yamavuko ,Daniel Dion ,umwe mubavukanyi bumuririmvyikazi Céline Dion  yitavye Imana inyuma yamasaha 48 gusa uyu muririmvyikazi wigihangange kw’isi abuze umugabo wiwe bari bafitanye abana batatu.

Uyu musazawe apfuye azize ingwara ya Cancer ,ndetse akaba arinayo ngwara yari yahitanye umugabo wiwe René Angélil.

1

Céline Dion akaba agiye mugahinde n’umubabaro bidasanzwe na cane cane kwatari bwanahambe uyu mugabo wiwe yari yitavye Imana kuruyu wa gatanu .

Claudette Dion avukana nuwo muhisi ejo yari yabwiye ikinyamakuru  Le Journal de Montréal ko musazawe afise igihe gitoya co kubaho kubera asanganwe ingwara ya Canser yo mu bwonko

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 

 


Categories: Amakuru, Mumakungu, Umuziki

Leave a Reply