Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuva kumusi wa gatandatu itariki 7 munyonyo 2015 mumasaha y’ijoro ,hatanguye gucanacanako amakuru kumbuga ngurukana bumenyi nka facebook canke twitter yamenyesha ko bwana col Gaspard Baratuza ko yoba atakibarizwa kubutaka bw’uBurundi.

Ayo makuru nyene yavuga ko col Gaspard Baratuza asanzwe ari n’umuvugizi w’intwaza ngabo z’uBurundi ko yamaze guhunga ndetse akanajana n’umuryango wiwe wose .

Ibi vyaciye biba nk’inkuru yateye ubwoba abantu kuko haba munzego z’umutekano ataco bigeze bamenyesha canke ngo babeshuze iyo nkuru yariko irakwirakwira kumbuga ngurukana bumenyi.

uyumusi rero ku wambere itariki 9 munyonyo niho bwana  col Gaspard Baratuza  yazindutse abeshuza izo nkuru ,abicishije kurubuga rw’iwe ngurukana bumenyi rwa Twitter aho yagize ati”Burundi, Gaspard Baratuza  ari kukazi kiwe nk’umuvugizi w’igisirikare c’uBurundi ,ndabeshuje ivyo binyoma abantu bariko barakwirakwiza kumbuga ngurukana bumenyi  bavuga ko noba nahunze”

baratuza

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply