Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’ibomorwa ry’inzu yarisanzwe ifatwa nka zimwe mu mazu y’uburaro  isanzwe iri mu buraruko bw’uBurundi mu ntara ya Kirundo uwusazwe arongoye urunani CNARED Giriteka(Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit) ari nawe iyo nzu yegukira bwana Muganga Yohani Minani yagize ico ashikirije.

Nkuko tubikesha amajwi ,bwana yohani Minani yahaye bamwe mu bamenyeshamakuru bo mu Burundi uyu mugabo arongoye CNARED Giriteka (Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit) yamenyesheje ko abakoze ico gikorwa co kubomora inzu y’uburaro yiwe bategerezwa gushengejwa imbere y’uButungane ndetse ko bazojanwa imbere y’ubutungane mpuzamakungu ngo kuko ubutungane bw’uBurundi bimaze kuboneka neza ko budashoboye kubatunganiriza.

Isanamu yerekana Inzu ya Yohani Minani imaze kwubomorwa

Yohani Minani akaba yagiye amenyesha ko aza yamaze kuronka n’amasura ya bamwe mubari mu gikorwa ca kubomora inzu yiwe ndetse ko azokwifashisha ayo masura mugufata abo bose bazoba baragize uruhara muruwo mugambi wo kubomora inzu yiwe.

Amwe mu mabati yaragize inyubako y’uburaro ya Yohani Minani

Umviriza mu majwi Muganga Yohani Minani ngaho musi

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kuri Facebook bitakugoye

 


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply