Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Amasanamu yararindiranwe igishika n’abakunzi bumuziki haba kuruhande rwabakunzi bumuziki w’uRwanda canke bu Burundi yamaze kuja ahabona.

Amasanamu yiyi ndirimbo yagiye ahabona uyumusi itariki 30 munyonyo 2015 ,iyi ndirimbo ikaba arimwe mundirimbo zari zikunzwe cane ngaha mugihugu c’uburundi ndetse no mugihugu kibanyi c’uRwanda.

Inyuma yiyi ndirimbo” Indoro”ikaba isohotse kugihe nkuko aba bayiririmvye bari bavyemereye aba fans babo bo amasanamu yayo azosohoka imbere yuko umwaka wa 2016 utangura.

Iyi ndirimbo ikaba ari “Indoro”yaririmbwe n’abaigeme 2 babanyarwandakazi bafashijwe n’umwe mubaririmvyi babarundi bakunzwe cane mu Burundi ariwe Mugani Desire besnhi batazira Big fizzo.

Ubu rero Big fizzo aba asa ari nkaho agiye gusohora abandi baririmvyi  babanyarwanda inyuma yo gufasha indirimbo Tom close ,indirimbo yatumye Tom Close amenyekana vyihuse ndetse ikanatuma aba icamamare mu Rwanda mugihe gito  .

Kubakunzi bumuziki bemeza neza kwiyi ndirimbo ikoranye ubuhinga budasanzwe kandi kinaryoshe cane,ibi rero bishobora kuca bituma aba bigeme babanyarwandakazi baja kurubuga rumwe rw’umuziki na baganzi babo,ndetse bigatuma banamenyekana cane kurushiraza uko bari basanzwe bazwi.

Raba hasi Video “Indoro by Charly &ft Big Fizzo


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply