Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Inyuma yo gushikiriza ijambo rihamagarira abasanzwe barwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kwica umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,Kiramvu Domitira na Pacifique Nininahazwe ibintu bisa naho atari amarame kuko boba batanguye guterana amajambo.

Inyuma yiri jambo ryashikirijwe na Domitira Kiramvu,Pacifique Nininahazwe nawe ari mubantu bakomeye ndetse banaza imbere mubarwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ntiyihanganiye amajambo ya Domitira Kiramvu yahamagarira abasanzwe barwanya Nkurunziza kumwica ,Pacifique Nininahazwe abicishije kurukubuga rwiwe rwa Twitter yatangaje kwatishimiye aya majambo ya Kiramvu.

Aya akaba ariyo majambo Pacifique Nininahazwe yanditse kuri Twitter yiwe

Aya akaba ariyo majambo Pacifique Nininahazwe yanditse kuri Twitter yiwe

Kuruhande rwa Pacifique Nininahazwe akaba asa naho yagereranije aya majambo yashikirijwe na Kiramvu n’amajambo yigezwe gushikirizwa n’umukuru w’inama nkenguza mateka Reverien Ndikuriyo.

Domitira Kiramvu acumva aya majambo ntiyigeze yihanganira na gato ivyo  Pacifique Nininahazwe yarahejeje gushikiriza ari nako guca yihutira kumwishura akoresheje amajwi (audio)aho mbere yamwagirije kwariwe yagumuriye abantu mw’ibarabara.

Umviriza amajwi aho musi ya Kiramvu ariko arabwira Pacifique Nininahazwe

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. NZOTO JOANES says:

    BIRIYA VYA PACIFIQUE NA KIRAMVU NI INKINAMICO DI. TURAZI NEZA KO BAKORANA MU KUBIBA URWANKO AMACAKUBIRI Y’AMOKO NO GUSAMBURA IGIHUGU. AMWISHURA KURIYA YAREKA ICO BAHURIYEKO NICO MVUZE . BARAKORANA. RERO UMUGAMBI BARAWUSANGIYE. NKURUNZIZA SIBO BAMUREMYE. HANYUMA ABARUNDI BARAYAMAZE BATI: URUCIRA MUKASO RUGAHITANA NYOKO.

Leave a Reply