Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma ya Lieutenant Col Darius Ikurakure,Major Didier Muhimpundu,yahoze mugisirikare ca ex-FAB ahejeje kugandagurwa

Inyuma yaho kumasaha y’umuhingamo  yo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 22 ntwarante 2016,umwe mubari basanzwe bakomeye mugisirikare c’uBurundi akongera akaba  n’umwe mubari bashigikiye cane Petero Nkurunziza agandaguriwe ,kurubu naho umwe mubasirikare bahoze mugisirikare ca kera c’uBurundi bita  ex-FAB ahejeje kugandagurwa.

Uyu ahgandaguwe ni Major Didier Muhimpundu ,akaba agandaguriwe kuri gisagara ca Bujumbura imbere ya Snack Bar Hibiscus.

Aya makuru yigandagurwa rya Major Didier Muhimpundu yemejwe na Pacifique Nininahanzwe abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter .

1

Ibi bikaba bibaye inyuma yumwanya utarenze amasaha 8 gusa Lieutenant Col Darius Ikurakure agandaguriwe mu biro bikuru vy’intwaza ngabo iBujumbura n’umuntu ataramenyekana.

Major Didier Muhimpundu kw'ifoto

Major Didier Muhimpundu  kw’ifoto

Hakaba hari ayandi makuru ava mucarama amenyesha ko hashobora kuba harashwe uwundi musirikare nawe wo kugwego gwo hejuru akaba ari inkuru tubandanya tubatohoreza.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Leave a Reply