Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma ya FNL ya Nzabampema,Red Tabara na FOREBU ya Niyombare ,havutse uwundi murwi mu Ntara ya Karusi wiyemeje gufata ibirwanisho .

Murwandiko  rwsizwe ahabona Kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 12 ruhuhuma 2016 umuhari UPR ( Union des patriotes pour LA Revolution) ubicishije kumuvugizi wawo bwana Victor Ndayaharanire  ,bamenyesheje ko umuhari wa UPR  ugiye gukora ibishoboka vyose ubicishije muri Politique no mu Gisirikare kugira bakure kubutegetsi Petero Nkurunziza n’akarwi kiwe bavuga ko kagisibije mu Burundi.

Mururu rwandiko nyene ,Victor Ndayaharanire yabandanije amenyesha ko vuba cane bagiye gushira ahabona amazina yabasanzwe barongoye umuhari wabi kunzego zose zuwo muhari.

Urwandiko rw'umurwi wa UPR wasize ahabona

Urwandiko rw’umurwi wa UPR wasize ahabona

Nkuko igikumu n’ikibanza cahasohokeye uru rwandiko ruvyerekana ,vyerekana neza ko uyu murwi usanzwe ufise ikirindo mu Ntara ya Karusu.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply