Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Abasirikare babungabunga amahoro n’umutekano babarundi bahora mugihugu ca Somalia mukiringo c’umwaka batahutse baca abakoregwa mungata nabagenzi babo.

Nkuko vyatangajwe n’umuvugizi w’intwaza ngabo bwana Baratuza Gaspard ,yamenyesheje ko abasirikare bo mw’ikambi ya 29 hamwe na 30 batahutse bavuye mugikorwa co kubungabunga amahoro n’umutekano mugihugu ca Somalia.

Baratuza Gaspard yabandanije amenyesha ko abo batahutse bari bamaze umwaka murico gikorwa ariko guca basubirirwa nabandi ,nkuko amategeko asanzwe abitegekanya.

Aba basirikare rero bakaba bashitse kukibuga c’indege iBujumbura mumasaha yo mugitondo mugihe bagenzi babo batatevye nabo gufata indege ica ibashikana kumurwa mukuru w’igihugu ca Somalia Mogadishu ,kugira baje gusubirira bagenzi babo.

Abasirikare bikambi ya 29 na 30 kukibuga c’indege baganutse bavuye muri Somalia.

CVJ_57LUkAAzutt CVJ_2ONU4AAnF0z

Aba basirikare bakaba bagiye inyuma yaho haherutswe kurungikirwa abandi bashika 850  bo mwikambi ya 34bari bagiye gusubirira bagenzi babo bo mwikambi ya 28 ya gisirikare.

Raba amafoto yizi ntwaza ngabo ziriko zirurira indege zigira zigende

CVKB-BjUAAAyqCq CVKB62FUwAArfJh


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply