Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abasirikare babarundi basanzwe bari mugihugu ca Somalia mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano ukunda guhungabanwa n’umugwi w’iterabwoba Al Shabaab bakorewe mu ngata nabagenzi babo inyuma y’igihe c’umwaka bari mubutumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano.

Nkuko vyama bikorwa uko ikiringo giheze ,abasanzwe bahejeje ikiringo cabo baragaruka mu Burundi hama bagasubirizwa abandi.

Abari bahejeje igikorwa cabo muri Somalia batahutse

Abari bahejeje igikorwa cabo muri Somalia batahutse

Kuriyi ncuro ,abasirikare bari bahejeje igikorwa cabo co kugarukana amahoro n’umutekano muri Somalia n’intwazangabo  zishika 850 zo mw’ikambi ya gisirikare  ya 31 ,izo ntwazangabo zikaba zaciye zisubirigwa n’intwazangabo zo mw’ikambi ya gisirikare ya 37.

Mgihe bamwe batahuka abandi bariko burira indege baja kubasubirira mugikorwa co kubungabunga amahoro n'umutekano

Mgihe bamwe batahuka abandi bariko burira indege baja kubasubirira mugikorwa co kubungabunga amahoro n’umutekano

Tubibutse ko uBurundi ari kimwe mubihugu bisanzwe bifise abasirikare benshi mu gihugu ca  Solamia  mu mugambi wo kwugwanya iterebwoba ritegwa n’umurwi ugendera kuvyiyumviro vy’idini rya Islam Al shabaab

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Leave a Reply