Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Muri komine ya Mugamba isanzwe iherereye mu Ntara ya Bururi isanzwe iri muri mu ntara ziri mubumanuko bw’igihugu c’uBurundi hazindutse hari imigwano ikomeye canehagati yabajejwe umutekano hamwe n’umurwi wabarwanyi bitwaje ibigwanisho utamenyekanye ,warugizwe n’abagwanyi bashika kuri 50.

Izi ngwano zahuje abajejwe umutekano bo muriyo komine ya Mugamba hamwe n’abo barwanyi zatanguye mu masaha y’ubucagucagu ahagana muma 4h na 5h zagatondo zo kuruyu wa mbere itariki 25 nzero 2016.

Nkuko tubikesha umurongozi w’iyo komine bwana Anicet Niyonzima yamenyesheje ko kuva mumasaha yo mubucagucagu agana 4h z’agatondo hariko haraba imigwano ikomeye cane yahuje umurwi wabarwanyi bataramenyekana hamwe n’abajejwe umutekano bo muriyo komine,Anicet Niyonzima yabandanije amenyesha ko uku gutana mumitwe kwaba bajejwe umutekano nabo barwanyi kwaje kumara igihe kirenga amasaha arenga 3 kuko amasasu hamwe n’ibikoho binini binini vyaheze kuvuga mu masaha ya 8h zagatondo.

Kuruhande rwabajejwe umutekano bamenyesheje ko batigeze batakaza umuntu numwe ,ahubwo bamenyesha ko kuruhande rwabo barwanyi ko bishemwo abegera kuri babiri(2)bongera bafata n’inkoho imwe yo mubwoko ba Kalashnikov hamwe n’amabombe ashika kuri 40.

Abajejwe umutekano babandanije bamenyesha ko abo barwanyi bari bafise intumbero yo kuja kugira ikirindiro ca Gisirikare muri Komine ya Mugamba ariko bakaba baciye basubizwa inyuma bahungira muri Komine ya Mukike mugice ca Muyuyu.

Tubibutse ko iyi komine ya Mugamba ataribwo bwambere yibonekejemwo umtekano muke kuko no mu mumezi dusize inyuma havuzwe ibitero vyabitwaje ibigwanisho muriyo Komine nyene.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. Ntunzwenimana Jackson says:

    Appreciating you for your updated news. But no comments to pictures !!!

Leave a Reply