Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

NATO (North Atlantic Treaty Organization)umuryango ugizwe n’ibihugu vyo kumugabane wa Amerika hamwe n’ibihugu vyo kumgabane wa Buraya barungitse abasirikare bangana n’ibihumbi 31.000 kubihugu vyegereye igihugu bafata nk’umwansi wabo wambere  Russia mu ntumbero yo gucungera hafi abasirikare bico gihugu biherutse kuvugwa ko bariko barakora imyimenyerezo idasanzwe yagisirikare bitegurira intambara yagatatu y’isi yose.
Abasirikare ba Poland kumirongo biteguye guhamvya abandi

Abasirikare ba NATO kumirongo biteguye kuja gutangura imyimenyerezo yo guhangana n’ingabo za Putin

NATO yarungitse aba basirikare inyuma yaho igihugu ca Russia naco gitanguriye imyimenyerezo yaco ya gisirikare idasanzwe izwi nka Anaconda manoeuvres.
Ibi bihumbi vyabasirikare vyarungitse n’ibihugu bitandukanye biri muruwo muryango wa NATO , ariko muribi bihugu hari ivyagiye bitanga  abasirikare benshi aho nk’ ubwongereza (England)bwatanze abangana na 1.000,Reta zunze ubumwe za Amerika(USA)batanze abangana na 14.000 mugihe Poland catanze abasirikare bangana na 12.000.
Indege z'ingwano hamwe n'ibiduga vya gisirikare navyo ntivyasigaye inyuma

Indege z’ingwano hamwe n’ibiduga vya gisirikare navyo ntivyasigaye inyuma

Aba basirikare ntibagiye ari bonyene kuko bagiye baherekejwe n’ibiduga vy’ingwano bishika kubihumbi 3000 hamwe n’indege za gisirikare zishika 105 hamwe n’ubwato bw’intambara bugera kuri 12.
Antoni Macierewicz ,umushikiranganji w’ingabo muri Poland yamenyesheje ko ivyo ibi bihugu bihuriye muri NATO vyakoze kwari kuba baritegura banakora imyimenyerezo yo gukingira  ibihugubisanzwe bibarizwa muri NATO.
Umurongozi mukuru w’ingabo za reta zunze ubumwe za Amerika bwana Mark Milley nawe yamenyesheje ko igikorwa co kujana izo ngabo mugihugu ca Poland na Litvia kwari gushigikira ibihugu ibihugu bisanzwe biri muruwo muryango kugira ntibaze baterwe naba Russia atagitabara.
Aba basirikare rero bakaba basizwe mu bihugu 3 arivyo Litvia,Poland ,Luthiana ,ibi navyo bikaba  bisanzwe bihana urubibe n’igihugu ca Russia .
Abasirikare ba Amerika bariko baraja muri Poland

Abasirikare ba Amerika bariko baraja muri Poland

.34fb7fea00000578-3628307-image-a-40_1465254339253

.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply