Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Munkino za CECAFA challenge cup 2015 ziriko zirabera muri Ethiopia zihuza ibihugu vyo mukarere bigera kuri 12 ,umurwi nserukira gihugu w’intamba murugamba murukino rwo kwugurura izo nkino  wahuye n’umurwi w’izinga rya Zanzibar.

Mururwo rukino rwari rubereye ijisho rwahuza umurwi nserukira gihugu c’uBurundi hamwe n’umurwi nserukira gihugu ca Zanzibar ,umurwi w’Intamba murugamba washoboye gutahana intsinzi yawo yambere kugitsindo kimwe rudende cinjijwe n’umukinyi DIDIER Kavumbagu kumunota wa 38 w’urukino.

Iyi ntsinzi ikaba yabaye impamba ikomeye cane kumurwi w’intamba murugamba ,kuko uyu murwi w’intamba usanzwe uri muri poule ikomeye cane aho iri kumwe n’imirwi isanzwe ikomeye cane aho twovuga nka Uganda hamwe na Kenya.

Umurwi w’intamba murugamba rero ukaba usigaje gukina inkino zibiri zizowuhuza n’umurwi wa Kenya hamwe n’umurwi wa Uganda.

Intmba murugamba zikaba zizokina muri rusangi   inkino 3 mugihe bazotsindamwo 2 gusa bazoba barose amahigwe yo kubandanya mukindi gice aho bazoba bakina urukino rwa kimwe ca kane c’iryo higanwa.

Intamba murugamba zikaba zizohuza ubwayi n’umurwi nserukira gihugu wa Kenya itariki 25 munyonyo mugihe itariki 28 zizotana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Uganda.

Abakinyi batanguye uru rukino rwahuje Intamba murugamba na Zanzibar akaba araba:

Arakaza Mc Arthur , Kiza Fataki, Nizigiyimana Karim (Capitaine) , Nshimirimana David , Hakizimana Issa , Nahimana Shasiri , Ndikumana Yussuf Lule , Ndayisenga Fwadi , Amissi Cedric , Kavumbagu Didier ,
Mavugo Laudit .

>>>Abasubirizi :

Nzokira Jeff , Biha Omar , Niyonkuru Nassor , Rugonumugabo Stephane , Barenge Pistis , Nduwarugira Christophe Lucio .

Didier Kavumbavu na bagenziwe bishimiye  igitsindo

12287002_10205295344245096_1517694633_o

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply