Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi nserukira gihugu w’intamba murugamba wasezeye munkibo za CECAFA challenge Cup 2015 ziriko zirabera mugihugu ca Ethiopia ,inyuma yo gutsindwa igitsindo kimwe kubusa .

Intamba murugamba zikaba zakinye inkino zitatu zishobora gutsinda urukino rumwe gusa rwabahuje na Zanzibar kurukino rwabo rwa mbere ,mugihe murukino rwakabiri uyu murwi wakinye kwitariki 25 munyonyo ,Intamba Murugambaz wanganije n’igihugu ca Kenya  igitsindo kimwe kuri kimwe.

Uyumusi rero akaba ariho umurwi w’Intamba murugamba wahura numurwi w’igihugu ca Uganda ,ariho uyu murwi userukira Uburundi waciye ubura amahigwe yo kubandanya inyuma yo gutsindwa na Uganda igitsindo kimwe rudende.

Intamba Murugamba zikaba zasezeye ayo mahiganwa mugihe mumurwi zarimwo zanganya n’igihugu ca Kenya ariko bobo bakaba bari batitegekanirije ibitsindo .

Intamba murugamba zikaba zari zagiye muriryo higanwa zitajanye n’umumenyereza mukuru Ait ABDELMALEK ,kubera yari yasimbiye mugihugu c’ubudagi mukurondera bimwe muvyangobwa vyiwe.

12281852_10205295328364699_526096641_o


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply