Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe inkino z’umupira wamaguru za CECAFA CUP 2015  zibandanya mugihugu ca Ethiopia ,umurwi w’intamba murugamba userukira uBurundi  uhejeje guhuza ubwayi n’umurwi nserukira gihugu wa Kenya .

Urukino ruhuza iyi mirwi rwari rwabereye mugisagara ca AWASA ,aho umurwi w’intamba murugamba washoboye kuvyifatamwo neza ugasa naho wongereza amahigwe yawo yo gushika mugice ca kane gishira icanyuma muriryo higanwa.

Uru rukino rwahuje iyi mirwi yose yahejeje inganya igitsindo kimwe kuri kimwe(BURUNDI vs KENYA {1-1}),umurwi w’Intamba murugamba akaba ariwo watanguye kubona igitsindo kumunota wa 10 w’urukino cinjijwe na Tabwe Amissi asanzwe akinira ikipe ya Yanga Africica, mugihe kuruhande rw’umurwi userukira Kenya igitsindo cabo cabonetse kumunota wa 40 w’urukino cinjijwe na Michael Olunga asanzwe akinira G0rmahia yo muri Kenya ,umurwi usanzwe ukinamwo na Karim Nizigiyimana .

Uru rukino rusa naho rwugururiye amarembo umurwi w’Intamba murugamba kuko biciye bituma ziza mukibanza ca kabiri namanota 4 mu mumurwi barimwo wa B.

Uburundi bukaba buri mumurwi umwe n’ibihugu vya Kenya ,Uganda ,na Zanzibar aha uBurundi bukaba buza ubwakabiri inyuma ya Kenya yaheruka gutsinda umurwi wa Uganda ibitsindo 2 kubusa.

U,urwi nserukira gihugu w’Intambamurukino rukurikira bakazohura   n’igihugu ca Uganda gisanzwe kiri mubihugu bikomeye muvyumupira wamaguru mubihugu bigize umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vy’ubuseruko ( East Africa)

Umurwi w’Intamba murugamba zisa nizamaze gushikana ikirenge mugice ca Kane gishira icanyuma kuko ,naho zotsindwa na Uganda zizoba zifise amahigwe nkumurwi wa gatatu w’itwaye neza ,.

Aha twobibutsa ko bafata imirwi 6 yabaye iyambere mu ma groupe 3 bagaca bongerako imirwi 2 yabaye iyagatatu ariko y’igenjeje neza ,aha bakaba baraba imirwi watsinze canke mwanganije hamwe n’ibitsindo uba waratsinzwe,gushika ubu Intamba murugamba zikaba zimaze gutsindwa igitsindo kimwe gusa .

12281852_10205295328364699_526096641_o

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply