Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inama ijejwe umutekano kw’isi (ONU) yaraye yize kukibazo c’ingingo yofatwa mu Burundi igirako ifashe n’ingingo zigiye gukurukiza.

Ku wa 12 munyonyo mumasaha y’umugoroba ngaha iwacu  niho iya nama yakorana kugira yige ikibazo c’uBurundi yongere itore umuti urashe w’iki kibazo abarundi bamazemwo imisi itari mike.

Iyi nama yari yatumiwemwo ibihugu vy’ibihangangange kuva kuri reta zunze ubumwe bwa Amerika ,Russia ,CHINE ,France n’ibindi bihugu bigize uwo muryango wa ONU.

Hari ingingo zafashwe zihurijweko na bose n’izindi batahurijeko baca baba barazirengagije

Mungingo  zafashwe n’abari bitavye iyo nama muri rusangi basavye  umunyamabanga mukuru wa ONU bwana Ban Ki Moon ko yorungika intumwa zidasanzwe za ONU  vyihuta mugihugu c’uBurundi ndetse mumisi itarenge 15 iyo nama ikazokwongera igakorana kugira barabe vyukuri ivyizo ntumwa zidasanzwe za ONU  zizoba zashitseko .

Aba bari muriyo nama ya ONU basavye vyihuta ko hoba inama ihuje abategetsi b’uBurundi hamwe nabo basanzwe batavuga rumwe muvya politike mumaguru masha ,kugira batorere umuti ikibazo c’uBurundi .

Abari muriyi nama babandanije bamenyesha ko uwo wese azokora igishaka kuburizamwo ivyo biganiro canke ngo azibire inzira zotuma haboneka umuti nyawo w’iki kibazo kwazofatirwa ibihano bibereye.

Ibihano vyari vyasabwe n’ibihugu bimwe bimwe vyabaye birirengagijwe

Naho ibihugu bimwe bimwe nk’ubufaransa hamwe na reta zunze ubumwe bwa Amerika ndetse n’ubwongereza vyari vyasavye ko bamwe m’ubategetsi  bafatirwa ibihano ,iyi ngingo yasubijwe inyuma kubera uruhara rw’ibihugu rutura nka CHINA hamwe na Russia ,vyase kwemeza iyi ngingo ,ahubwo bishira imbere icotuma igihugu c’uBurundi kiva mubihe kirimwo bigoye.Ibi bihugu bikaba vyasize imbere umuti wova hagati ya Reta ya Nkurunziza hamwe n’abo basanzwe batavuga rumwe.

Kurungika ingabo zijejwe gucunga amahoro mu Burundi navyo bisa n’ibitumvikanweko na bose

Ikibazo co kurungika abasoda ba Monusco basanzwe bari muri Congo kugira baze gufasha mu Burundi gisa n’ikitumvikanweko na bose kuko kurungika abasirikare bisaba ko Reta y’uBurundi ibanze kuvyemera ko baza kubutaka bwayo ,ivyo navyo reta y’uBurundi ikaba itabikozwa ,ibi bikaba vyateye impungenge kuko hamwe ONU yoshaka kubarungika kunguvu bishobora kuzibirwa n’ibi bihugu nyene (Russia hamwe na CHINE ) ndetse n’ubumwe bwa Africa.

Inyuma yibi vyose rero umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu   bwana Nyamitwe Alain yashimye ivyavuze muriyo nama ya ONU  ndetse anemeza ko ari inzitsi idasanzwe kuruhande rwabo.

Izi ngingo rero zakiriwe neza nabategetsi bi Bujumbura kuko zisa n’izabahaye ububasha bwo gutegura ibiganiro ,kandi barokoka ibihano bari biteze ko bagiye gufatirwa ,bongera bashima n’ijambo ry’ihonyabwoko risa niritagarutse cane muriyo nama.

 

 


Categories: Muhira

Leave a Reply