Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko vyari bimenyerewe imisi yose ko imiryango y’uburiro bwo mubigo vya Kaminuza iba yuguruye buri musi mugatondo ,kuruyu wa mbere itariki 1 ruhuhuma 2016 siko vyazindutse kuko iyo miryango yari yugaye mu masaha yagatondo.

Nkoko vyari vyasohowe n’uwujejwe ibikorwa vya kaminuza (Directeur de la Régie des Œuvres Universitaires) mw’itangazo ryiwe ryo kw’itariki  06 nzero 2016 rimenyesha ko  kuva itariki 1 ruhuhuma 2016 ,imfungurwa zo mugatondo zahora zihabwa abanyeshure bo mu bigo vyose vya kaminuza  batazosubira kuzironka kubera ikigega c’ishure ry’akaminuza y’uBurundi kitifashe neza,kuruyu wambere(01-2-2016) iyo ngingo yatanguye kuja mungiro .

Naho iyo ngingo yatanguye kuja mu Ngiro abanyeshure bo mubigo vya Kaminuza agashavu ni kenshi na cane cane ko bamwe muribo bamenyesha ko gukura iryo mfunguro ari ugushaka kubicisha inzara kuko nizo bari basanzwe baronka zitari zikwiye.

Inyuma yibi rero bamwe mu banyeshure nkabo mu kigo c’ishure rya Kaminuza riri Ikiriri ntibigeze bahonyora mw’ishure kuruyu wambere mu ntumbero yo kwerekana akababaro kabo .

Tubibutse ko aba banyeshure ba kaminuza bari bandikiye uwujejwe ibikorwa vya Kaminuza guhagarika iyo ngingo yo gukuraho iryo funguro ariko gushika ubu akaba atanyishu bigeze baronka.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Muhira

Leave a Reply