Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ubutunzi bwigihugu bubundanya busubira inyuma kurugero ruboneka ndetse zimwe mungendo zabategetsi zahagaritswe.

Murwandiko rwasohowe n’umushikiranganji wikigega ca reta  Manirakiza Tabu Abdallah ,uyu mushikiranganji yamenyesheje ko ingendo zabamwe mu bategetsi bu Burundi bahora bagirira hanze y’igihugu hamwe n’ukurungika bamwe mubakozi kuja gukarisha ubwnge mu makungu ko bibaye birahagarikwa kubera ikigega c’igihugu kitifashe neza mubijanye n’ubutunzi.

Manirakiza Tabu Abdallah yabandanije amenyesha ko namahera yahora ahabwa abaja murizo ngendo yakuweho burundu ndetse anamenyesha ko ingendo  zidasanzwe zo kugwego rwo hejuru arizo zemewe gusa.

Urwandiko rwasohowe na Manirakiza Tabou Abdallah umushikiranganji w'ikigega ca Reta

Urwandiko rwasohowe na Manirakiza Tabu Abdallah umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Ibi bikaba bibaye inyuma y’igihe kitari gito ,abahora batanga imfashanyo kugihugu   c’uBurundi bazihagaritse kubera ingorane zatewe n’ikiringo cagatatu c’umukuru w’igihugu bwana Petero Nkurunziza, ndetse uBurundi bukaba bumaze igihe kitari gito kidashobora kuronka izo mfashanyo mvamakungu.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Muhira

Leave a Reply