Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Indege yaritwaye abakinyi b’umurwi w’umupira w’amaguru  wo mu cicaro cambere wo  mu gihugu ca Bresil ,yagiriye isanganya mu gihugu ca Colombia .

Iyi Ndege yariko iraja mu gihugu ca Colombia ,yarimwo abantu bashika kuri 81 hakaba harimwo abakinyi bose bagize umurwi wa Chapecoense wo muri Bresil baherekejwe nabasanzwe babafasha kwimenyereza  hamwe  n’abaganga bakurikirana uwo murwi.

Umurwi wa Chapecoense wariko uraja mu gihugu ca Colombia aho warugiye gutana mu mitwe n’umurwi wa Altético Nacional wo mugihugu ca Colombia murukino rwa nyuma rw’igikombe ca Copa Sudamericana.

Bresil Team

Inyuma yiri sanganya ,abajejwe gutwara ibintu n’abantu bo mugihugu ca Colombia bakaba batatevye kumenyesha ko mubantu 81  bose bari muriyo ndege ko harimwo 6 gusa boba bagihema ariko ko nabo ubuzima bwabo butameze neza.

Iri sanganya kumurwi w’umupira wamaguru ribaye inyuma y’imyaka irenga 50 umurwi wa Manchester United nawo ugize isanganya ry’indege abakinyi bawo bose bakitaba Imana mu mwaka wa 1958

 

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply