Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abahora mu mugabwe CNDD FDD usanzwe uramutswa ubutegetsi kuva muri 2005  ,ariko bakaza gutandukana kubera abenshi bagenda bagaya ingene uwo mugabwe utunganijwe ,ndetse nabandi bavuyemwo kubera ikiringo cagatatu c’umukuru w’igihugu bagiye hamwe bashinga umugabwe mushasha.

“PPD-GIRIJAMBO” niwo mugabwe mushasha ugizwe  ahanini  n’inanariribonye zahoze mu mugabwe wa CNDD FDD kuva kera ndetse bamwe muribo banarwanye urugamba  n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza .

Nkuko vyashikirijwe kurubuga rwuwo mugabwe ,aba bari muruyu mugabwe bamenyesheje ko gushinga umugabwe mushasha vyerekana ko bavavanuye burundu n’uburongozi bwa CNDD-FDD bwihaye gukoresha amakosa bamwe bamwe mu bagumyabanga cane cane mu mbonerakure, bagacafuza izina ry’umugambwe.

Uyu mugabwe mushasha wabandanije utangaza ko ukudahana ,ukudahanurwa nuguhonyanga amategeko y’igihugu ,kutamenya gutandukanya umugabwe,leta,ubutungane ,inama nshinga mateka ,inama nkenguza mateka ,arivyo bitumye ahanini bavavanura burundu n’umugabwe wa CNDD FDD

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply