Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ntidushaka kwongera kubura uwundi mushingamateka w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko  inyuma ya Hafsa Mossi” ,iri niryo jambo ryahurijweko n’abashingamateka hafi ya bose mu bari baje gutora itegeko rihagarika ibikorwa vy’inama nshingamateka y’ibihugu vya Africa y’ubuseruko mu Burundi.

Nkuko amakuru ava mu nama nshingamateka y’ubuseruko abimenyesha ,yemeza neza ko iyo nama nshingamateka yamaze gufata ingingo yo kutongera kuza gukorera ibikorwa vyayo mu gihugu c’uBurundi kubera ko atamutekano uharangwa .

Iyi rero ikaba ibaye ingingo yambere iremereye inama nshingamateka y’ibihugu vya Africa y’ubuseruko ifatiye igihugu c’uBurundi kuva iryane za politike zaduka mu Burundi.

Nkuko vyatangajwe n’umwe mubashingamateka bo muri Africa y’ubuseruko yamenyesheje ko atagikorwa na kimwe canke inama n’imwe yuwo muryango wa Africa y’ubuseruko izosubira kubera mu Burundi kubera atamutekano uharangwa.

Bamwe mu bashingamateka mugihe hariko hafatwa iyo ngingo

Bamwe mu bashingamateka mugihe hariko hafatwa iyo ngingo

Gusa naho iyi ngingo yafashwe umwe mubashingamateka b’uBurundi basanzwe bari muriyo nama nshingamateka ntiyigeze anezerezwa n’iyo ngingo na gato kuko yamenyesheje kwiyo ngingo ataho ifatiye nagato ndetse kubwiwe akaba yanababwiye kw’amahoro mu Burundi ahari.

Benshi muraba bashingamateka rero bakaba barakozweko ndetse bongera barabaazwa cane n’igandagurwa rya mugenzi wabo aho yishwe izuba riba ,ubu rero ngo bakaba badashaka kwongera kubura uwundi mushingamateka kubera umutekano muke urangwa mu Burundi.

Iyi ngingo rero ikaba itegerezwa gushikirizwa abakuru b’ibihugu basanzwe bari muri Africa y’ubuseruko kuruyu wa kane igenekerezo rya 8/9/2016 mu nama izobera i Arusha mu ntumberoyo kwiga kukibazo c’uBurundi hamwe na Sudan yepfo.


Categories: Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply