Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inama nshingamateka y’umuryango w’ibihugu bigize Africa y’ubuseruko (Eala:East Africa Legislative Assembly) yanse iciyumviro co gukuru igihugu c’uBurundi muruwo muryango inyuma yaho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yo mukarere ka Africa y’uBuseruko arikumwe n’sihirahamwe ry’abacamanza bo muri Africa PALU (Pan African Lawyers Union)bari basabiye  uBurundi ko bwo kurwa mururyano w’ubumwe bwa Africa y’ubuseruko.

Aya mashirahamwe yari yasabiye uBurundi ko bwofatirwa ibihano bitandukanye harimwo no kubwirukana muruwo muryango kuko mu Burundi hibonekeza  bibazo vya Politike kuva mu kwezi kwa nzamukiza 2015,inyuma yitangazwa y’umugambi wo kwitoza wa Petero Nkurunziza,ivyatmye haba   ubwicanyi budasanzwe kumpande zose haba kubadashigikiye reta hamwe nabari muri reta gushika kubantu  barenga 400 nkuko bimaze gusohorwa namashirahamwe mpuzamakungu .

TEA+weka+b+px

Inama nshingamateka ya Africa y’ubuseruko(Eala:East Africa Legislative Assembly)

Inyuma yo kwihweza iki cegeranyo  cayo mashirahamwe arikumwe na  PALU (Pan African Lawyers Union),co gusaba gufatira ibihano ruhasha uBurundi, komite y’ishirahamwe y’ubumwe bwa Africa y’ubuseruko (Eala:East Africa Legislative Assembly)yasanze umuti ubereye ataruwo gukura uBurundi mu muryango w’ubumwe bwa Africa y’uBuseruko ahubwo  ko ikibazo c’uBurundi gitegerezwa gufata inzira ya Politike hakabaho ibiganiro kumpande zose ndetse banasaba ko ibiganiro vyari vyatanguwe n’umukuru w’igihugu ca Uganda Museveni bikwiye gushigikirwa kugira bibandanye .

0eed9c6

Abanyamategeko ba PALU kw’ifoto(Abari basavye ko uBurundi bukurwa mu muryango wa East Africa)

Iyi komite nyene y’ubumwe bwa Africa y’ubuseruko yibukije ko abategerezwa gutumirwa murivyo biganiro bategerezwa kugenwa n’umuhuza(Umukuru w’igihugu ca Uganda) ubwiwe kuko atari uruhande rumwe rutegerezwa kwitorera abo ruja kuganira nabo.

Iki cegeranyo gisehotse inyuma yaho abaserukira imigabwe yabo mu Burundi barikumwe nabari mu mugabwe uri kubutegetsi   mu Burundi bari bishikiye ku cicaro gikuru c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa y’ubuseruko kugira babanze kumvirizwa imbere yuko hafatwa ingingo bivanye nibirego vyari vyatanzwe naya mashirahamwe adaharanirira ivyicaro vya Politike hamwe na PALU.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Leave a Reply