Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Imyaka itanu irarumanye neza umuhisi Jean-Christophe Matata,umwe mubafatwa nk’intwari mumuziki w’uBurundi yitavye Imana,None Jean-Christophe Matata yarumuntu nyabaki ?

Jean-Christophe Matata.

Jean-Christophe Matata.

Jean-Christophe Matata  yavutse kw’igenekerezo rya 20 gitugutu mumwaka wa 1960 kubavyeyi babanyamahanga ariko murico gihe  baba mu Burundi ,nkuko abazi neza Jean-Christophe Matata. bemeza ko  se  wa Jean-Christophe Matata yari umukongomani (congolais)mugihe nyina wiwe yari umunyarwandakazi.

Jean-Christophe Matata yari yavukiye mu Kamenge imwe muri kartiye(quartier) isanzwe iri muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Jean-Christophe Matata yatanguye umwuga wo kuririmba afise imyaka 19 gusa aho yatanguriye mu orchestre yitwa Mihingo mu mwaka wa 1979  ,iyi  orchestre yayimazemwo igihe kitari gito kuko yayimazemwo  imyaka igera kuri itanu (5) munyuma akaza kwerekeza mu murwi wa AfricaNil Band mu mwaka wa 1984.

Kubera amagume uBurundi bwagiye buracamwo ,mu mwaka wa 1986 ,Jean-Christophe Matata yafashe ingingo yo kuja kuba mu gihugu c’uRwanda ,ari naho yasohoreye urukurikirane rwiwe rwambere yiswe Amaso Akunda Ntabona Neza,uru rukurikirane rwiwe rukaba rwarakunzwe cane haba mu Burundi ndetse no mu Rwanda ,ndetse rumutuma aba umurundi w’ambere aja mumahiganwa y’iradiyo yabafaransa mu mwaka wa 1989 mw’ihiganwa rya Radio France Internationale.

Jean-Christophe Matata.

Jean-Christophe Matata.

Inyuma yaho mugihugu c’uRwanda naho hatanguye kuba ibitero vy’umuhari wa FPR mu mwaka wa 1990 ,Jean-Christophe Matata yaciye afata ingingo yo kugaruka kubutaka bw’uBurundi ariko naho asanga umutekano utameze neza ariko guca aja kuba mugihugu c’uBubirigi mu mwaka wa 1991.

Inyuma y’igihe kinini aba mu Bubirigi ,Jean-Christophe Matata yakoze ibikorwa vy’umuziki bitandukanye ndetse anasohora n’indirimbo nyishi cane zitandukanye zagiye zirakundwa n’abakunzi bumuziki w’uBurundi.

Mu mwaka wa 2007 ,Jean-Christophe Matata yongeye kugaruka mugihugu c’uBurundi aho yari yarakuriye ndetse aca ahaba igihe kitari gito aho yagiye  akora ibiteramo bitandukanye.

Mu mwaka wa 2011 niho umuhisi ,Jean-Christophe Matata yaja mugihugu ca Africa yepfo aho yaragiye mubiteramo bitandukanye ariko akaba atashoboye gukora ico gikorwa kuko kw’itariki 3 nzero 2011,Jean-Christophe Matata yahitanwe n’urupfu rw’igiturumbuka nubu bikaba  bitaramenyekana neza icoba carishe Jean-Christophe Matata.

Zimwe mu ndirimbo za Jean-Christophe Matata zagiye zirakundwa cane.

#Amaso akunda ntabona neza

#Ihorere Ntusarare

#Umpora iki?

#Murantunga

#N’inyagasambu rirarema

#Nyaranja

 


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply