Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Imwe muri Bus zisanzwe zikora igikorwa co kunguruza abantu muntara hagati  mugihugu  isanzwe inakukira MEMENTO transport yakoze isanganya mugihe yariko iraja muntara ya Kirundo ariko Imana irakinga ntamuntu yahasize ubuzima.

MEMENTO transport yarije iva mugisagara ca Bujumbura aho yariko irerekeza muntara ya Kirundo ariko iza kugira isanganya itarashika kumurwa mukuru w’intara ya Kirundo.

 Nkuko abari hafi yiryo sanganya babitwiganiye iyo bus yo mubwoko bwa Toyota Coaster ikukira ishirahamwe ryo gutwara abantu ariryo MEMENTO transport ngo yagize iyo mpanuka bivuye kugusamara kuwarayitwaye kuko iyo Bus yataye ibarabara hama ikihereza ishamba.

Naho MEMENTO transport yagize iryo sanganya Imana yakinze ntanumwe yahasize ubuzima kuko abarimwo bose basohotse atawagize icaba ,ariko ngo bamwe bakaba bababaye ariko atari cane.

Amafoto musi yerekana iyo Bus aho yari yagiriye isanganya

11220790_1104052839606215_5151443060923305137_n MEMENTO transport:bishasha.com

 

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply