Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inzu y’ihotere isanzwe iri  mugisagara ca DUBAI yaraye ifashwe n’umuriro nubu bitaramenyekana ico waturutseko ,ndetse  zimwe munyubako zayo zikaba zononekaye cane,Umuriro waturiye iyi nzu izwi nka Adress Downtown hotel watanguye mugihe hariko haraturitswa  ibintu vyo kwigina umwaka mushasha wa 2016 mugisagara ca Dubai.

Iyi nyubakwa igifatwa n’uyu muriro ,abajejwe ukuzimya umuriro hamwe n’abajejwe gukinga benizo sanganya banyarutse kugira babashe kurokora ubuzima bwabari muriyo nyubako ndetse kugeza ubu akaba atamuntu biravugwa ko yoba yaguye muriryo sanganya.

Iyi nzu yafashwe n'umuriro wabonekera burimuntu wese yari hanze yiyo nyubakwa

Iyi nzu yafashwe n’umuriro wabonekera burimuntu wese yari hanze yiyo nyubakwa

Naho abazimya umuriro bari benshi cane ,uyu muriro wagoranye kuzima kuko abasanzwe bazimya umuriro baraye barawuzimya ijoro ryose ariko baza kugera mugitondo bakizimya ndetse n’umwotsi ukiduga hejuru mukirere.

Nomumasaha yo mugatondo umwotsi warucibonekeza

Nomumasaha yo mugatondo umwotsi warucibonekeza

 

Naho iyinzu yari yafashwe n’umuriro ntivyabujije ko ibiroro vyo kwigina umwaka mushasha kuri Burg Khalifa (inzu yambere ndende kw’isi)iyi nayo ikaba yari inegereye iyi yafashwe n’umuriro.

Tubibutse kw’iyi nyubakwa yarifise amagorofa ashika kuri 63 ndetse ikaba yari muri zimwe zikunda kwakira abantu baba baje gutembera no kuraba ubwiza bw’igisagara ca Dubai.

 


Leave a Reply