Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atangiye imise 5 gusa kugira abasanzwe bafise ibirwanisho vyose batabifitiye uruhusha ngo babe babitanze,vyamaze kuboneka neza ko ivyo yashikirije yabishikirije yishimikije bimwe mubikoresho bihambaye igipolice c’uburundi giheruka gukura mugihugu c’ubushinwa.

Imodoka z’imterwa imirwanisho(weapon detector)

Izi modoka ngo zoba zakuwe mugihugu c’ubushinwa aho abajejwe intwaro mugipolice baheruka kugira urugendo rubashikana murico gihugu ngo kwoba kwari ukuja guhiga izo modoka zimoterwa naho hose hari ikirwanisho.

Izi modoka ngo zisanzwe zifise ubuhinga budasnzwe bwo kubona aho hose hari ikirwanisho ,ndetse ngo zikaba zifise ubushobozi bwo kubona ikirwanisho kiri kuharenga imetero ijana (100m)uvuye aho iba isanzwe iherereye.

Tuvugana n’umwe mubasanzwe mubapolice yatumenyesheje ko izo modoka zifise ubuhinga budasanzwe bwo kubona aho hose hari ibirwanisho ,ariko akaba yatumenyesheje ko zizotangura gukora akazi kazo kuva itariki 8 -11-2015 nkuko umukuru w’igihugu yabishikirije.

Raba iyo modoka ngaha hasi

bishasha .com:imodoka zisaka ibirwanisho zashitse mugisagara

 


Leave a Reply