Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ibintu biguma bibandanya biba bibi hagati y’igihugu ca Turikiya hamwe n’igihugu c’ubu Russia .

Inyuma yaho igihugu ca Turikiya kirasiye indege ya gisirikare y’igihugu c’uBurussia kiyagiriza ko yarenze imbibe zigihugu ca Syria ,aho izo ndege zisanzwe ziri mugikorwa co kurwanya imitwe yabiyahuzi harimwo  nkumurwi uzwi mukwica abantu cane ISIS  hamwe na Deach ,igihugu c’ubuRussia cihoye kirasa imirongo y’imodoka yariko ijana igitoro muri Turikiya bagikuye muri Syria.

Nkuko vyagiye biraboneka hagati yibi bihugu 2,ibintu n’ivyigeze biba vyiza nagato kuko bose bagumye bitana ba mwana,Turikiya ikagiriza ubu Russia ko cavogereye ikirere caco ariyo mpamvu bakoroye iyo ndege yatumye umwe mubasoda babapilote bakomeye bubu Russia arwa murico gitero.

Kurundi Ruhande uBurusssia ntibwigeze bwemera ivyo Turikiya ibagiriza ,kuko umwe mubapilote batwara iyo ndege yarokotse akaza kwemeza ko iraswa ry’indege barimwo ryari ryateguwe neza n’igihugu ca Turikya kandi ko atakirere cabo bigeze bavogera .

Naho hari haheze igihe kinini haba ibiganiro kumpande zose atakivamwo reta y’uburusssi yahisemwo kwihora ishwanyagura imirongo y’imodoka yaritwaye igitoro c’inyeshamba ikijanye mugihugu ca Turikiya.

Raba amafoto hasi y’izo modoka ingene zariko zirasha.

cris

Igihugu c’uburussia kikaba gisa naho cihoye umudereva w’indege yabo yagisirikare aheruka kurwa mundege yakorowe n’igihugu ca Turikiya

Kw’ifoto hasi umudereva wa Russia yishwe igihe Turikiya yakorora indege ya gisirikare y’igihugu ca Russia

.p

Uyu mudereva akaba yagizwe intwari n’igihugu ca Russia kuko yaguye kurugamba rwo kurwanya abihevyi mugihugu ca Syria gisanzwe kiri muntambara imyaka irenga 4.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply