Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi(ministre de l ‘agriculture et de  l’elevage ) bwana Dr Deo Guide Rurema  arikumwe na mugenziwe umushikiranganji ajejwe ivyubutunzi n’ikigegea ca Reta(ministre des finances ,du budget et de la privatisation) umushingamateka Tabu Abdallah Manirakiza bari bishikiye mugisagara ca Rome kumurwa mukuru w’igihugu ca Italy muntumbero yo gukomeza ubucuti hamwe no gufashanya hagati y’igihugu c’uBurundi hamwe n’ishirahamwe mwuzamakungu FIDA(Fond International de Developpement Agricole) risanzwe rifasha uBurundi cane muvyerekeye ahanini igisaba c’uburimyi hamwe n’ubworozi .

Aya masezerano yashitse kumahera angana na millioni 42 zamanyamerika (80milliard mumahera yamarundi)

Nkuko vyatangajwe nabari bagiye murugendo hamwe naba bashikiranganji babiri uw’uburimyi n’ubworozi hamwe n’uwikigega ca reta bamenyesheje kwaya masezerano yashitse kuntabwe nziza cane nabo bari bashaka kuko ishirahamwe FIDA (Fond International de Developpement Agricole)yageneye uburundi amahera angana na millioni 42 z’amanyamerika ayo akaba angana na milliardi hafi 80 mumafaranga yamarundi dusanzwe dukoresha.

Nkuko rero vyabandanijwe bitangazwa ayo mahera yatanzwe na FIDA akazoba ahanini azoza gufasha migisaba c’uburimyi hamwe n’ubworozi ndetse no gufasha abanyagihugu babarimyi mukubaha umwavu wa kijambere kugira bazoshike kumwimbu ushimishije muruyu mwaka ugiye kuza.

umushikiranga w'uburimyi n'ubworozi:bishasha.com 12191244_504649683051359_6317513053067782477_o

 

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply