Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Imbere yuko ibiganiro bitangura urunani CNARED yavuye mugacerere isohora itangazo

Inyuma yitangazwaza icese ko ibiganiro bigiye gutangura kumugaragaro hagati ya Reta ya Nkurunziza Petero  hamwe nabo batavuga rumwe muvyo kurongora uBurundi ,urunani CNARED (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit) rwaciye rukorana vyihuta rukora inama kugira bige icegeranyo boshikiriza imbere yuko ivyo biganiro bitangura .

Iyi nama yahuje abasanzwe barongoye abandi mururu runani ,inabera mugihugu c’uBubirigi kuva itariki 1 kigarama gusja itariki 3 .

Uru runani rero CNARED rukaba rwamaze gushira ahabona ivyavuye mwiyo nama kari bamazemwo imisi ibiri yose mugihugu c’ububirigi.

Raba hasi ivyo urunani CNARED rwatangaje imbere yuko ibiganiro bihuza abarundi biba

12289712_993362600730042_2240973633875735300_n11987127_993364184063217_3287760400118138613_n


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply