Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumurwa mukuru w’igihugu ca United Kingdom  i Londres  hashinzwe uburiro bushasha  bwitwa “The Bunyadi” buzotanga akaryo kubanwanyi babwo ko gufungura bari gusa canke ( uburyo bwo gufungura batambaye impuzu).

Uwusanzwe ari umukuru wa “The Bunyadi”   bwana Seb Lyall yamenyesheje ko iyi nzu yo gufunguriramwo izofatwa nkataraboneka mugisagara ca Londres ndetse ko mubifungurwa vyabo hazibonekezamwo gusa ibintu gusa bazoba basanzwe birimira .

Seb Lyall yabandanije amenyesha ko gufungurira mwiki kibanza gishasha bizoba bifise amategeko atandukanye nubundi buriro kuko atangendanwa izo yemerewe mwiki kibanza ,atanamatara y’umuyagankuba azoba ahemerewe hamwe nimpuzu.

Seb Lyall yagize ati””Twizerako abantu bagomba kuronka amahigwe yokunezereregwa nkuko bahora bavyipfuza ,ntabintu vyo muma hinguriro ,nta bisharizo bidasanzwe, nta muyagankuba, nta Gaz, nta téléphone, kandi nta n’impuzu ,bizoba birangwa mu buriro bwacu”,

 

Seb Lyall arongoye “The Bunyadi”  yabandanije amenyesha ko nabasanzwe  bashaka gufungura muburiro bwiwe bambaye nabo yabageneye ikibanza murubwo buriro nyene kuko igice co hagati c’ubwo buriro kizogabugwamwo kabiri uruhande rumwe hazoba hagenewe abo batambaye murundi ruhande abipfuza gufungura bambaye imararubanza.

Ubwo buriro bitegekanywako buzugurugwa mu kwezi kwa gatandatu 2016  ariko ikibandanya gutangaza abantu benshi ningene hamaze kuboneka abantu ibihumbi bitanu barindiriye ibibanza 42 kuruwo musi.


Categories: Amakuru, Mumakungu, Urukundo

Leave a Reply