Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Pacifique Nininahazwe umukuru w’ishirahamwe  FOCODE ,rimwe mu mashirahamwe yarwanije bimwe bidasanzwe ikiringo cagatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ndetse rikaza no kubizira rikagirako ribuzwa kwongera gukorera mu Burundi,yongeye kugira ubutumwa budasanzwe agenera abarundi baba mu gihugu ca  Canada na cane cane abamufashije kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mwijambo rimara akanya gato Pacifique Nininahazwe yashikije ,yasavye abarundi bose baba muri Canada na cane cane abamufashije kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ko bokwigora bose bagahurira hamwe kugira bige icokorwa mu Buburundi ,kugira abantu babandanya bagandagurwa baronke gitabara.

Ibi Pacifique Nininahazwe akaba yabivuze mu ntumbero  y’umubonano ariko aritegurira witiriwe KOMEZAMAHORO azokorera muri Canada kw’igenekerezo rya 29 gitugutu 2016 , aho azoba arikumwe n’abarundi baba murico gihugu ndetse n’abandi mubahoze mu ntwaro ya Petero Nkurunziza ariko bakaza guhunga kubera kutemeranya n’ubutegetsi ibijanye n’ikiringo cagatatu ca Petero Nkurunziza.

14715584_1117517068286224_8315706221018186829_o

umviriza Pacifique Nininahazwe mu majwi ngaho musi

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply