Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ikawa yo mu Burundi isanzwe ikomoka mu buraruko bw’uBurundi ,neza na neza mu Ntara ya Kayanza yanikiye izindi kawa zo kw’isi yose ishobora kuba iyambere igurwa amahera menshi kw’isi yose kubera akanovera kayo.

Iri higanwa ryagize ikawa yo mu Burundi iyambere ryari ryatunganizwe na ALLIANCE FOR COFFEE EXCELLENCE OF  BOSTON  ,rikaba ryariko rirabera  muri Reta zunze ubumwe za Amerika mu gisagara ca Boston gisanzwe kiri mu ntara imwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika izwi nka Massachusetts.

Ikawa ya Kibingo isanzwe igurishwa kubwinshi kumasoko mpuzamakungu kubera akanovera kayo

Iyi kawa yabaye iyambere ni KIBINGO ikaba yanikiye izindi kawa zose aho kubera akanovera kayo yashoboye kuba ikawa yambere igurishwa amahera menshi aho ikiri c’iyi kawa casizwe kumahera yamanyamerika ashika kuri $115 aya akaba angana hafi ibihumbi amajana atatu mumafaranga y’amarundi(300.000FBU)

Kibingo rero ikaba yanikiye izindi kawa zisanzwe zifise akanovera aho twovuga nk’ikawa ya Bresil hamwe n’ikawa za Ethiopia zisanzwe nazo ziri muzikunzwe cane kw’isi .

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Leave a Reply